Select Page

Umuhinga m’uvyo guhuza ibitsina muri Kenya Maurice Matheka arahakana ko igihe c’imbeho kidatuma havuka abana benshi.

Aganira na BBC igisata c’igiswahili, uwo muhinga avuga ko ivyo bivugwa n’abagabo mu gushaka gukwegakwegera abapfasoni mu biganiro nk’ivyo mu gihe hakanye.

Matheka avuga ko abanyafrika bareregwa mu migenzo ituma biyumvira ko igihe cose umugabo bahuye n’umugore mu kibanza ciherereye baca bakora imibonano mpuzabitsina.

“Ni vyo ko mu gihe c’imbeho bituma abagabo n’abagore bapfumbatirana, ariko ariko ko ivyo bishobora gutuma baca baryamana sivyo. Abazungu bafise igihe c’imbeho nyinshi ariko ivyo ntibibashikira”, ni ko uwo muhinga yavuze.

“igihe c’imbeho kiramerera nabi abagabo bigaca bituma yipfuza ubushuhe mu mubiri ariko s’ukubera ako abantu bapfumbatiranye bica bituma bakora imibonano mpuzabitsina.

Ubushakashatsi bwerekana ko igihe ushaka kugwanya imbeho mu gihe c’imbeho vyiza wokora imibonano mpuzabitsina.

Ufatiye ku bushakashatsi bwa BBC, abahinga b’ingwara zo mu mutwe bavuga ko abantu bakora amabanga y’abubatse rimwe canke kabiri mu ndwi batuma abasoda b’umubiri bakomera cane.

Dr Carl Charnetski wo muri kaminuza ya Wilkkes iri mu gisagara ca Wilkes-Barre, hamwe na mugenzi we Frank Brennan baragize ubushakashatsi ingaruka mbi zo gukora imibonano mpuzabitsina ku basoda b’umubiri w’umuntu.

Babajije abanyeshure 111 bo kuri iyo kaminuza bafise hagati y’imyaka 16 na 23 kangahe bamaze gukora imibonano mpuzabitsina mu kwezi guheze.

Hanyuma bapima amate yabo kugira abarabe abasoda bafise mu mubiri.

Nk’uko bivugwa n’uwo muhinga, ivyavuyemwo vyerekanye ko abanyeshure bakoze imibonano mpuzabitsina musi ya rimwe ku ndwi bari bafise abasoda benshi mu mubiri gusumba abatigeze na rimwe babikora.

 

22 Ukwa gatandatu 2018 / https://www.bbc.com/gahuza/