Select Page

Mu kubungabunga imigenderanire myiza n’abandi bantu, bituma twama twuzuye umunezero, tukumva ko dushigikiwe kandi turi mubandi.

Forumile nimwe rukumbi kugira umuntu wese agire aho ashitse; iyo nayo ni kumenya ingene ubana n’abandi.

Mu mibereho y’abantu, hariho ikintu ngirakamaro buri muntu wese agomba kwama yitwararitse. Ico naco n’imigenderanire agomba kugiranira n’abandi bantu bamukikuje.Imigenderanire ishingiye ku kwemerana no gufatana mu mugongo ituma abantu babho biyumva neza, banezerewe, kandi bashimishwa n’ubuzima babyemwo. Ubwo rero muri iki gisomwa cacu tukaba tugiye kubagaragariza ivyo buri muntu ashobora kwisunga kugira abungabunge yongere akomeze imigenderanire myiza n’abandi bantu.

 

  1. Kwemera no kwishimira ubudasa

Ikibazo nyamukuru dukwiye kwitwararika no kwama twibuka nuko abantu twese twaremwe mu budasa. Kugiranira imigenderanire myiza rero n’abandi, benshi bakaba babitahura mu buryo butandukanye n’ukuri kwavyo. Hariho abantu rero benshi mu kwiyumvira kwabo, baba babona ko kugiranira imigenderanire n’abandi ari akaryo ko kugira ngo runaka abone canke yumve ibintu kimwe na kanaka. Kenshi rero umwana w’umuntu yama yiyumva neza iyo abona ko abanda bumva canke bakemera ibintu uko we aba avyumva. Ariko rero ntivyobera ivy’akamaro iyi si,  mu gihe abantu bose boba babona canke bumve ibintu co kimwe. Nuko rero kwemera no kwishimira ubudasa bw’umwe n’uwundi niyo ntango yo kubungabunga imigenderanire tugiranira n’abandi.

  1. Kwumviriza umugenzi wawe neza

Gutanga umwanya wo kumviriza uyundi muntu, n ’ ubumenyi umuntu wese akwiriye kugira, butuma uwo muganira canke se umugenzi wawe yiyumvamwo ubushake no kumva ko muri ku murongo umwe. Kumviriza no gutahura ivyiyumviro vy’uwundi ni kimwe kandi mu bituma habaho guhanahana ivyiyumviro no kwumvikana gushobora kubageza kuvyo muhurirako. Kwitwararika kumviriza uwo muyaga harimwo no kumusaba insiguro zaho uba utamutegereye  neza n’ubumenyi budufasha kubaka imigenderanire n’abandi, ivyo kandi bigaherekezwa no kwitwararika kumenya uwundi uko yiyumvira canke uko abona ibintu bikwiriye kumera.

  1. Kugenera umwanya abanda:

Kwiha umwanya ugenera kubana no kwiginana n’abandi bantu nayo nyene n’imfano umuntu wese yo kwitwararika mu kubaka no kubungabunga imigenderanire myiza n’abandi. Mw’Isi ya none usanga abantu bose bafise vyinshi bitwararika kugira ngo bashobore kubaho no kubeshaho imiryango yabo. Ariko ubuhinga bwa none bukaba nabwo bwarakomeje gutera imbere kuburyo umuntu ashobora kubura umwanya wo kubana no kwiginana n’abandi amaso ku yandi,ariko akaronka uburyo bwo gukomeza asabana no kuyaga n’abandi akoresheje telephone msg, whatsapp, email, n’iyindi mihora ngurukana bumenyi itandukanye.

  1. Kumenyera gusaba no kugira inama abandi (feedbacks) aho hose bikenewe

Ku ciyumviro canje, gusaba canke kugira inama abandi n’inzira yo kugira ugere ku ntera wifuza, canke se kuyigezaho abandi. Kugisha no kugira abanda inama yubaka naco kimwe mu bintu bikomeye bituma imigenderanire hagati y’abantu yiyongera.

  1. Kwiga kugirira ikizere abandi

Mubihe biheze, nabaye muri group y’abantu bahanahana ivyiyumviro, aho bariko bararabirahamwe ibintu nyamukuru abantu bagomba kwitwararika mu kubungabunga imigenderanire. Umwigeme akiri mutoya cane, yavuze ko ibintu bikomeye cane umuntu wese yo kwitwararika kugira habeho imigenderaninire myiza agiranira n’abandi ari: 1) URUKUNDO, 2) Kugiranira ikizere, 3) no KWIHANGANIRANA. Kwizera mugenzi wawe biruta kumukunda. Kuko ata kumwizera no kumukunda ntibibaho. Kugiranira ikizere rero bikaba navyo ari kimwe mubikomeza imigenderanire.